Journal
7 avril 2022

Igipolisi c’Uburundi kiriko kirarwanya ubusuma bw’amayeri butera ubukene abanyagihugu

Amafaranga yababa umuliyaridi w’amafaranga y’amarundi ngo niyo yibwe hakoreshejwe urwenge. Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Umutekano, amenyesha ko vyakozwe n’abakozi b’Imana, babicishije mw’ishirahamwe ryabo Dufashe abakiriho. Pierre Nkurikiye ahamagarira abibwe ko boja muri parike ya Mukaza gusaba amafaranga yabo.