Amakuru
24 décembre 2021

Igikorwa c’umurwi CVR gisa n’igifise intumbero yo gusubira kuryanisha Abarundi

Umurwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira urongowe na Pierre Claver Ndayicariye, akazi uriko urakora ni ako kubandanya ucanishamwo Abarundi. Bivugwa n’umugambwe uharanira intwaro rusangi no gufatana mu nda MSD. Epitace Nshimirimana, avugira uwo mugambwe, abivuze inyuma y’aho umurwi CVR utangiye icegeranyo wemeza ko ubwicanyi bwabaye mu mwaka w’1972 ari ihonyabwoko ryakorewe Abahutu. Umugambwe MSD ukavuga ko n’aho wemeza ko ico gihe Abahutu b’incabwenge bakorewe ubwicanyi bw’agahomerabunwa, atari CVR irongowe na Ndayicariye yari ifise ububasha bwo kwita izina ubwo bwicanyi.