Amakuru
18 janvier 2023

Igikorwa co kwinjiza intwazangabo mu gisoda nticisunze amasezerano y’i Arusha

Urunani rwa politike CFOR-Arusha ruranegura igikorwa co kwinjiza intwazangabo mu gisirikare hatisunzwe ibitigiri bisabwa. Ku bw’icegera c’uwurongoye urunani CFOR-Arusha, ngo ivyo bitigiri bakoreyeko ntivyisunze amasezerano y’amahoro ya Arusha ategekanya ko mu nzego z’umutekano no kwivuna abansi, Abahutu baba ari 50% n’Abatutsi 50%. Jean Bosco Rwigemera aranegura iryo honyangwa ry’amasezerano ya Arusha, agasaba ubutegetsi kwama bwisunga ayo masezerano kugira Abarundi bose bumve ko batekaniwe.