Amakuru
30 mars 2023

Igikorwa co kunganisha imishahara caratevye cane, ni ko bibonwa n’urunani rw’amasendika CSB

Urunani ry’amasendika mu Burundi, CSB, rurashimishwa n’intambwe leta igezeko mu gukuraho ubusumbasumbane ku mishahara y’abakozi ba leta. Gilbert Nyawakira, arongoye CSB, arongera agahamagarira leta kubandanya ikurikirana ico gikorwa kugira abakozi bose bayo bazobe bashikiriwe imbere y’umunsi mukuru w’abakozi, uhimbazwa kw’igenekerezo rya mbere Rusama.