Amakuru
1 décembre 2022

Igikorwa ca OBR ni ukwegeranya amakori n’amatagisi, si ukugena ico ayo mafaranga akora

Ikigo gishinzwe kwegeranya amakori n’amatagisi vya leta nta burenganzira gifise bwo kugena ico amafaranga cegeranije azokoreshwa. Uruhara rw’ico kigo rugarukira mu gutunganya ingene amakori n’amatagisi vyotangwa umwimbu ukaba mwinshi. Ni ko bibonwa n’uwanonosoye ivy’ubutunzi Faustin Ndikumana. Abivuze inyuma y’akamo katewe n’uwurongoye ikigo OBR ku batunze imodoka, abasaba kuriha ikori ku modoka kugira amabarabara atandukanye akorwe mu gihugu. Ku bw’uwo arongoye ishirahamwe PARCEM, kugena ico amafaranga ya leta akoreshwa canke ivyihutirwa mu migambi ya leta birabwa n’ubushikiranganji bw’Ikigega ca leta.