Amakuru
29 décembre 2021

Igikorane c’iminsi 5 co gukengurukira Imana ku vyiza vyayo muri uwu mwaka

Kuri uno wa mbere niho hatanguzwa indwi y’ibikorane vyitiriwe gushimira Imana, ibikorane vyatunganijwe n’umuryango w’umukuru w’Igihugu. Ivyo bikorane bizomara iminsi itanu, vyahereye ku nkuka ya misa yabereye kw’isengero rya Mont Sion i Bujumbura. Mw’ijambo ryo kuvyugurura, umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko ari akaryo keza ko gushimira Imana ko umwaka uheze Abarundi bari mu bumwe.