Amakuru
2 mars 2023

Igihugu ca Congo ntigishobora gutera Urwanda

Abanyarwanda ngo ni batekane. Nta ntambara izokwigera iba hagati y’Urwanda na Congo, kuko Congo idashobora gutera. Uwubahumuriza ni Paul Kagame. Umukuru w’Igihugu c’Urwanda yabivuze ku munsi wa gatatu mu kiganiro yari yahaye abamenyeshamakuru i Kigali. Kuri we, ngo abariko barafasha mu gutorera umuti ikibazo ca Congo bamuha icizere ko Urwanda ata kibazo rushobora kugira kivuye kuri Congo.