Igiciro c’ubutambara abakenyezi n’abigeme bakoresha mu gihe bari mu butinyanka cari gikwiye kugabanuka canke mbere tugatangwa no ku buntu. Bisabwa n’umuhari w’aba guides mu Burundi. Nadège Niyungeko, ajejwe imigenderanire muri uwo muhari, agasaba ko abarezi nabo nyene bari bakwiye kwigisha abana ibijanye no kugira isuku mu gihe bari mu butinyanka. Kuko ngo amatohoza yakozwe n’uwo muhari w’aba guides yarerekanye ko ingorane abana b’abigeme benshi bagira bari mu butinyanka ziva ku kutamenya.
Amakuru
2 juin 2021
