Amakuru
25 janvier 2021

Igenwa rya Révérien Ndikuriyo mu kibanza c’umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD ni ikimenyetso ko ingendo yo gutoteza no kwica abatavuga rumwe n’ubutegetsi igiye kubandanya mu Burundi

Igenwa rya Révérien Ndikuriyo mu kibanza c’umunyamabanga mukuru w’umugabwe CNDD-FDD ni ikimenyetso ko ingendo yo gutoteza no kwica abatavuga rumwe n’ubutegetsi igiye kubandanya mu Burundi. Bivugwa na Emmanuel Ndereyimana, umuvugizi w’urunani rutavuga rumwe na reta  CFOR-Arusha. Akavuga ko Révérien Ndikuriyo yari asanzwe azwi mu mugambwe CNDD-FDD nk’umwe mu babona ko uwo wese atavuga rumwe n’ubutegetsi ari uwo kwicwa.