Amakuru
7 décembre 2023

Igenda ry’abasirikare ba EAC rishobora gutuma biyangara muri Congo (Albert Rudatsimburwa)

Imishamirano irashobora kwongereza umurindi muri iyi minsi mu buseruko bwa Congo mu gihe abasirikare b’akarere ka Afrika y’ubuseruko bahora bacunze ibibanza bitandukanye vyahoze mu minwe y’umuhari M23 bariko barataha. Bivugwa na Albert Rudatsimburwa, umumenyeshamakuru w’Umunyarwanda akurikiranira hafi ibibazo vy’umutekano muriako karere, akaba abivuze inyuma y’aho hasubiye kwibonekeza intambara hagati y’umuhari M23 n’igisirikare ca Congo cifatanije n’abo bakorana, harimwo n’igisirikare c’Uburundi. Ku makuru uwo mumenyeshamakuru afise, ni uko abasirikare b’Abarundi bahejeje ikiringo cabo, baciye barungikwa gufasha abarungitswe aho muri Congo ku masezerano abakuru b’Ibihugu vy’Uburundi na Congo bagiranye, ari na co afatirako mu kwemeza ko hashobora kuba hariko harategurwa intambara muri ako karere.