Amakuru
29 octobre 2021

Igabanuka ry’urugero rwo kwandura Corona ntiryemerwa n’urunani CFOR-ARUSHA

Ni inkuru ibabaje kubw’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na leta CFOR-Arusha, inyuma y’aho umushikiranganji w’Amagara y’abantu ashikirije ko ikiza ca Corona mu Burundi cagabanutse, abandura bakaba bababa urugero rwo kwandura rungana n’ubusa kw’ijana. Kuri Jean Bosco Rwigemera, icegera c’uwurongoye urwo urunani, ngo ikiza ca Corona ntigishobora kumanuka mu gihe leta ata ngingo n’imwe yigeze ifata yo gukingira abanyagihugu. Akaboneraho akaryo ahubwo ko guhimiriza abanyagihugu ngo bijukire kwicandagisha kuko ngo umuti w’ukurwanya ico kiza ari urucanco rwonyene.