Amakuru
15 septembre 2023

Iduzwa ry’ibiciro vy’igitoro ni ingaruka z’ubutegetsi butitayeho inyungu z’umunyagihugu

Iduzwa ry’ibiciro vy’igitoro riguma ryibonekeza uno munsi, nta kindi rivako atari uko leta ya CNDD-FDD itazi gutandukanya inyungu za leta n’iz’umunyagihugu. Ivyo bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga. Avuga ko bibabaje kubona umugambwe CNDD-FDD waje ku butegetsi ata mugambi n’umwe ufise wo gutezurira abanyagihugu mu buzima bwabo bwa minsi yose. Ivyo Chauvineau Mugwengezo akaba abivuze mu gihe leta iherutse gufata ingingo yo gusubira kuduza ivyo biciro vy’igitoro ku ncuro ya kabiri mu kiringo kitarenga amezi abiri.