Amakuru
15 mars 2024

Iduzwa ry’ibiciro ni imwe mu ngorane zihanze abaguzi mu Burundi (PARCEM)

Kuri iri genekerezo rya 15 Ntwarante amakungu arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umuguzi. Mu Burundi uyu munsi ushitse umuguzi atorohewe na gato kuko ahanzwe cane cane n’iduga ry’ibiciro ku rugero rudasanzwe. Bisigurwa n’ishirahamwe PARCEM mu mwihwezo ryagize kuri uyu munsi. Faustin Ndikumana arirongoye, asigura ko mu gihe ibijanye n’ivyo umuntu afungura bibandanya kuduga ibiciro, biba biriko biragabanya ubushobozi bw’umuguzi. Agasaba leta gufata mu minwe ico kibazo kugira ibidandazwa vya nkenerwa biboneke hanyuma ibiciro vy’ibiribwa bigabanuke ku masoko.