Iduzwa ry’ibiciro ku binyobwa vy’ihinguriro BRARUDI riva kw’iduzwa ry’ibiciro ku bindi bidandazwa vyose bitewe n’ubukene bw’amafaranga y’agaciro. Ivyo ni ibishikirizwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe ryinshinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo (PARCEM). Akaba yabishikirije inyuma y’aho ubuyobozi bwa PARCEM bumenyeshereje ko budugije ibiciro ku bidandazwa vyabwo. Uwo muyobozi wa PARCEM akababazwa n’uko ivyo bije kwongereza ubukene bwari busanzwe mu miryango.
Amakuru
17 octobre 2022