Amakuru
20 juillet 2021

Iduzwa ry’ibiciro ku binyobwa vya BRARUDI mu ntara nka zose z’igihugu

Haribonekeza iduzwa ry’ibiciro ku binyobwa vya BRARUDI ku rugero runini mu ntara nka zose z’igihugu. Nko mu ntara ya Rumonge Consolateur Nitunga, buramatari, aravyemeza akongera agasigura n’ikibituma. Avuga ko ari abandandaza bakuru bita aba « grossistes » bategerezwa gutanga inzoga ku ma SSD, ku ma dépôts mato mato ari naho abafise ibirabo batora inzoga. Buramatari avuga ko abo badandaza bakuru nabo bahavuye basubira kugira urudandaza rwo kuri ayo ma dépôts mato mato  bica bituma ibiciro babiduza uko bashatse. Ariko akaba yemera ko abajejwe intwaro bariko barakora ibishoboka vyose kugira abo bantu bahagarike ivyo kuduza ibiciro binyuranye n’ibizwi n’ishirahamwe BRARUDI.