Amakuru
14 septembre 2023

Iduzwa rishasha ry’ibiciro vy’igitoro ryategerezwa gukorwa inyuma y’ibiganiro n’abegwa n’ico gisata

Iduzwa ry’ibiciro vy’ibikomoka ku gitoro riheruka ngo ryabaye ata mwumvikano ubaye hagati y’abegwa bose n’ico gisata. Uwo mwihwezo tuwusanga mw’itangazo ry’umugambwe Sahwanya-FRODEBU ryashizwe ahabona kuri uyu wa kabiri. Phénias Nigaba, icegera c’uwurongoye uwo mugambwe, afise amakenga kw’iduzwa ry’ibiciro vy’ivyankenerwa vyose bigiye kuduga kandi umunyagihugu asanganywe amikoro make.