Amakuru
4 août 2023

Idosiye kw’ihonyabwoko muri Congo izojanwa muri Sentare mpuzamakungu CPI

Hari abategetsi b’Abanyecongo bashigikiye ihonyabwoko ririko rikorerwa Abatutsi, Abahema n’Abanyamulenge, hakaba n’abandi barirwanya. Ivyo bivugwa na Ludovic Kalengayi, aharanira agateka ka zina muntu mu buseruko bwa Congo. Amenyesha ko hari idosiye iriko iratunganywa kugira izojanwe muri Sentare mpuzamakungu CPI. Akaba ari muri iyo ntumbero hari isekeza ryatunganijwe n’urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu muri ico gice c’ico gihugu aho hariko hegeranywa intahe z’abakorewe amabi atandukanye.