Amakuru
4 novembre 2023

Ico Ndadaye yagenderako kwari uko twese tuja hamwe tukubaka Uburundi bwiza (Bamvuginyumvira)

Frédéric Bamvuginyumvira, umwe mu bagendanye na Melchior Ndadaye, avuga ko uwo yahoze ari umukuru w’Igihugu atihanganira ico cose cashobora gucanishamwo Abarundi. Bamvuginyumvira avuga ko iyo ncungu ya demokarasi yaharanira kwubaka Uburundi burangwamwo kwubahiriza uburenganzira bw’abanyagihugu bose.