Amakuru
20 juillet 2024

Icizere c’amatora giterwa n’itunganywa ryiza ritavangura (CNEB)

Icizere c’amatora kivana n’ingene yateguwe hisunzwe uruhara rw’imirwi itandukanye n’abegwa n’amatora. Ivyo bishikirizwa n’umunyamabanga w’ishirahamwe ry’amashengero mu Burundi (CNEB), risaba umurwi wo gutunganya amatora CENI kwitondera ico gikorwa kugira bashiremwo bose. Sylvestre Bizimana, umunyamabanga mukuru wa CNEB, amenyesha ko bari batanze amazina y’abashirwa mu murwi wa komine w’amatora ariko ko bitigeze biba ngo babashiremwo. Agahamagarira CENI gutegura amatora bisunze ibitigiri vy’abafasha ico gikorwa bava mu bice bitandukanye kugira amatora aze agende neza.