Amakuru
9 mars 2024

Icikagurika ry’umuyagankuba rigiye guhera (DG REGIDESO)

Icikagurika ry’umuyagankuba rimaze iminsi ryibonekeza rigiye guherana n’impera y’uku kwezi kwa Ntwarante. Vyemezwa n’uwurongoye ishirahamwe ritanga amazi n’amatara REGIDESO, akaba yabivugiye kuri télévision Isanganiro. Jean Albert Manigomba yamenyesheje ko iryo cikagurika ryava ahanini kw’igeragezwa ry’umuyagankuba uva ku rugomero rwa Rusumo ruriko rurageragezwa. Akizeza ko ni bamara kwakira burundu ibikorwa vy’urwo rugomero, ivyo bibazo bitera icikagurika bizoba vyaheze.