Amakuru
31 janvier 2024

Icerekezo 2040-2060 gikwiye kwitonderwa kugira gishoboke (PARCEM)

Biragoye kuvuga icerekezo c’igihugu 2040-2060 bitemejwe n’abahinga mu bisata bitandukanye vy’igihugu babanje kwerekana ibikenewe. Ivyo bimenyeshwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo. Avuga ko hakwiye kubanza kuba itunganywa ryiza ry’ubutunzi bw’igihugu, nk’ibijanye n’itunganywa ry’ubutare hamwe no kurwanya ibiturire, ivyo bikaba vyotuma Abarundi bagira icizere ko iryo hangiro rishoboka.