Amakuru
4 octobre 2022

Icegeranyo giteye agahinda c’abantu 1470 bishwe mu myaka 2 ya mbere y’ubutegetsi bwa Ndayishimiye

Abantu 1470 ni bo bamenyekanye ko bagandaguwe mu kiringo c’imyaka ibiri gusa, kuva ku wa 30 Ruheshi 2020 kugeza ku wa 31 Myandagaro 2022 ku ntwaro ya Evariste Ndayishimiye, na Gervais Ndirakobuca ico gihe ari we yaramutswa ubushikiranganji bw’Umutekano. Muri abo, ibiziga 619 ni vyo vyatowe mu bice bitandukanye. Ariko muri vyo, 279 bikaba vyatowe mu ntara ya Cibitoke honyene. Umuhari Iteka uvuga ko wasohoye ico cegeranyo mu kwerekana ko uwuheruka kugenwa mu mabanga y’umushikiranganji wa Mbere abifisemwo uruhara, kuko ari we yaramutswa igisata c’umutekano.