Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH urakeneye abandi bakozi kugira ushobore gukorera mu ntara zose, urakeneye kandi n’uburyo kugira ushobore gukora neza. Ivyo vyashikirijwe na Sixte Vigny Nimuraba, arongoye uwo murwi, hari kuri uyu wa kane igihe uwo murwi wari uramutse ushikiriza icegeranyo c’umwaka imbere y’abashingamateka. Ariko rero ico cegeranyo nticakiriwe neza na bamwe mu bashingamateka, uhereye ku wurongoye Inama nshingamateka Gélase Daniel Ndabirabe.
Amakuru
18 février 2022