Amakuru
2 août 2024

Icegeranyo c’ishirahamwe ricukura ubutare cahitanye abakora mu gisata c’ubutare (CODEBU)

Abakozi bamwe bamwe bo hejuru mu bushikiranganji bw’Ubutare baheruka gukurwa. Iyo ngingo ikaba yafashwe inyuma y’aho hari ishirahamwe ricukura ubutare ryigenga ryatanze icegeranyo mu bategetsi bo hejuru. Ivyo bimenyeshwa na Keffa Nibizi. Uwo arongoye umugambwe CODEBU agatangazwa n’ingene iryo shirahamwe ryatanze icegeranyo kuri abo bategetsi ritabanje kugicisha mu nzego zijejwe ico gisata. Keffa Nibizi akavuga ko ivyo bifitaniye isano n’ivyo umukuru w’Igihugu aheruka kumenyesha ko hari ikinogo cuzuyemwo ubutare giheruka gutorwa.