Amakuru
17 juin 2021

Icatumye leta y’Uburundi ikuraho ingingo yari yafashe yo kugabanya ikwirakwira ry’ikiza ca Corona ni ukuronderera ahandi

Ingingo yo gukuraho iminsi yahora itegekanijwe ku binjira bavuye hanze mu Burundi yahuriranye kandi no kwugurura imipaka Uburundi buhana na Congo hamwe na Tanzaniya, irateye amakenga abahinga mu bijanye n’amagara y’abantu. Come Konakuze, umuhinga mu bijanye n’amagara y’abantu mu bihe vy’ibiza, avuga ko icatumye hafatwa iyo ngingo ata nsiguro bihuye mu bijanye n’ubuhinga bwo gukinga ingwara z’ibiza. Akavunira akagohe abanyagihugu ko bokwicunga kuko mu minsi iri imbere, hashobora kwibonekeza ingaruka zitari nziza.