Amakuru
27 juin 2024

Icaha co guhohotera kiremwa muntu ni icaha kitababarirwa gitegerezwa guhanwa (SOS-Torture Burundi)

Kuboreza igufa kiremwa muntu ni icaha casasiwe indava n’ubutegetsi bw’Uburundi, n’aho bo babihakana. Ishirahamwe SOS-Torture Burundi ryifadikanije n’ayandi mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu kwibutsa ko ihohotera rya kiremwa muntu ari icaha gikomeye. Uwujejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe SOS-Torture Burundi akaba abivuga kuri uyu munsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu washinzwe ku wa 26 Ruheshi uko umwaka utashe. Denis Ndayishemeze ahamagarira abategetsi b’Uburundi kwibuka ko ico caha bitebe bitebuke gihanwa na sentare zo mu gihugu canke sentare mpuzamakungu.