Amakuru
27 mai 2023

Ibwirizwa ryo mu 2017 rigenga amashirahamwe yigenga ririmwo utunenge twinshi

Ibwirizwa ryo mu mwaka w’2017 rigenga amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ririmwo utunenge twinshi mu bijanye n’ukwaka uburenganzira Abarundi, bikaba binyuranye n’amategeko y’Uburundi na mpuzamakungu. Ni ko bibonwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FOCODE. Aha akisunga ingingo zijanye n’ugushinga amashirahamwe n’uburenganzira ubutegetsi bwihaye bwo gucungera ibikorwa vy’ayo mashirahamwe hamwe n’ukuyahana.