Harakwiye ko imigambi ya leta imaze gushirwa ahabona igirirwa icegeranyo kugira Abarundi bayumve neza kandi bayisunge. Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM rihamagarira Abarundi guhindura ingendo, aratewe amakenga n’ingene hamaze gushirwa ahabona imigambi myinshi ariko bikaboneka ko ata ngingo mperekeza zerekana ingene izoja mu ngiro. Akaba yabimenyesheje kuri uyu wa gatatu, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Agasaba leta kubanza kwitwararika ivya nkenerwa bikunze kubura biboneke kugira habe icizere ko igihugu gishobora gushikira iterambere.
Amakuru
17 août 2023