Amakuru
18 mars 2022

Ibura ry’ifumbire ya FOMI ryoba riva ku bayitwara hanze bidaciye mu mategeko

Umushikiranganji w’Uburimyi arakwiye kuva mu gacerere akavuga ikiriko kirakorwa kugira haboneke inyishu ku kibazo c’ibura ry’ifumbire mu Burundi. Bishikirizwa na Jean Bosco Rwigemera, icegera c’Uwurongoye Urunani CFOR-Arusha. Jean Bosco Rwigemera yongera akavuga ko yikeka ko ifumbire yoba ijanwa ahandi mu buryo bwa magendo.