Amakuru
4 novembre 2021

Ibiziga biriko biratorwa cane cane mu Cibitoke biva he ? Isekeza Ndondeza rivuga iki ?

Ishirahamwe FOCODE riratewe umutima uhagaze n’ibiziga bimaze iminsi bitorwa ku nkengera y’uruzi Rusizi mu makomine ya Rugombo na Buganda mu ntara ya Cibitoke. Bivugwa na Pacifique Nininahazwe, arongoye iryo shirahamwe. Avuga kandi ko ikibabaje ari uko bamwe mu bakora ubwo bwicanyi bazwi ariko abategetsi b’Uburundi bakigira ba sindabibazwa. Pacifique Nininahazwe arasaba ashimitse leta y’Uburundi gukora ibishoboka vyose kugira ubwo bwicanyi buhagarare.