Amakuru
26 mars 2022

Ibitigiri vy’amabi akorerwa Abarundi biri hejuru ku bwa Ligue Iteka isaba ko abayakora bakurikiranwa

Abantu umunani barishwe, mirongo ibiri na batanu barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, abandi batanu bakorerwa amabi afatiye ku gitsina. Ivyo biri mu cegeranyo c’umuhari Ligue Iteka co mu ndwi iheze. Egide Havugiyaremye, arongoye igisata co kumenyesha amakuru muri Ligue Iteka, agasaba ubutegetsi gushengeza mu butungane abagirizwa ayo mabi.