Amakuru
9 novembre 2021

Ibitigiri vy’abanyuruzwa bakaburwa irengero vyariyongereye ku ntwaro ya Evariste Ndayishimiye

Abantu barenga 60 baramaze kunyuruzwa ku ntwaro ya Evariste Ndayishimiye kuva mu kwezi kwa Ruheshi 2020. Bamwe mu banyurujwe bafashwe n’abasirikare ku mategeko y’uwurongoye iperereza rya gisirikare, Colonel Ernest Musaba hamwe n’abo arongoye. Ivyo ni ibishikirizwa na Pacifique Nininahazwe, arongoye isekeza Ndondeza, risanzwe rifise n’ayandi ma dosiye y’abanyurujwe kuva mu 2015. Ariko rero umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akaba yaheruka kuvuga ko adakeneye kwumva ko inzego z’umutekano zihohotera abantu, ko zitegerezwa kwubahiriza abanyagihugu bose. Akaba yari yabishikirije igihe yariko aratanga impapuro z’umutsindo ku banyeshure bashaka kuba intwazangabo mu gipolisi.