Amakuru
21 décembre 2022

Ibitigiri vy’abakorerwa amabi y’agahomerabunwa birabeshuza imvugo y’Icegera c’umukuru w’Igihugu

Ivyashikirijwe n’Icegera c’umukuru w’Igihugu si vyo na mba. Iryo ni ishirahamwe Iteka ryiyamiriza ivyo Prosper Bazombanza yashikirije avuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu Burundi, n’uko umutekano ari wose. Yabivuze ku munsi wa kane uheze mu birori vy’umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu, ibirori vyabereye i Bubanza. Emmanuel Nibizi, ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, agafatira ku vyegeranyo bisohorwa n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yama yerekana abantu bicwa umunsi ku munsi, eka n’abandi bakorerwa ayandi mabi y’agahomerabunwa.