Amakuru
3 août 2023

Ibitigiri bivuga ubwoko buja mu nzego bikwiye kugumizwa mu mategeko kubera haracari ikumirwa

Ugukwirikiza iyubahirizwa ry’ibitigiri vy’ubwoko mu nzego gutuma uwutwara ategerezwa kwibuka gushiramwo abandi. Bivugwa na Agathon Rwasa, arongoye umugambwe CNL. Hari kuri uyu wa 31 Mukakaro, aho Inama nkenguzamateka yari iramutse yugurura ibiganiro vyo gusuzuma ko bigikenewe ko ingingo itegekanya ko ivyo bitigiri vyubahirizwa iguma mw’Ibwirizwa nshingiro. Agathon Rwasa akabona ko hataragera ko iyo ngingo ivaho kubera mu Burundi hakiriho ukwinubana gufatiye ku bwoko no kuri politike.