Amakuru
5 février 2022

Ibitero vy’igisirikare c’Uburundi muri Congo bihonyanga ibwirizwa shingiro n’amategeko y’ingwano

Ivuge canke ireke, leta y’Uburundi izoruhuka ibajijwe amabi igisirikare cayo kiriko kirakorera mu gihugu kibanyi ca Congo. Uko niko Vital Nshimirimana, aserukira urunani rw’amashirahamwe FORSC agabisha, aho abona ko abategetsi b’Uburundi barenga kw’ibwirizwa shingiro n’amategeko agenga ingwano kw’isi mu gutera ico gihugu. Vital Nshimirimana akaba yifatanije n’umushingamateka w’umukongomani aheruka kwandikira umunyamabanga mukuru wa ONU amusaba gukora ibishoboka ngo ivyo bitero bihagarare.