Agriculture
10 mai 2024

Ibisata vy’ikawa, icayi n’ipampa bifatiwe amaboko i mugongo n’abasuma (E. Ndayishimiye)

Amafaranga arenga imiliyoni 40 z’amadolari y’Abanyamerika ni yo yibwe mu gisata c’ikawa. Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yabivugiye mu ntara ya Gitega, mu ndwi iheze, aho yari aramutse agirisha inama indongozi zo mu gisata c’ikawa. Umukuru w’Igihugu amenyesha ko n’ibisata vy’icayi n’ipampa na vyo bifatiwe amaboko i mugongo n’abasuma.