Amakuru
17 octobre 2023

Ibinyobwa bibujijwe n’ibikoresho vyo kwubaka bidakwije ivyangombwa bizorwanywa cane n’ikigo BBN

Ikigo BBN ciyemeje kurwanya civuye inyuma inzoga zikaze zibujijwe, co kimwe n’ibikoresho vyo kwubaka bidakwije amategeko. Ivyo vyatangajwe na Séverin Sindayikengera, umuyobozi mukuru w’ico kigo, hari ku munsi mpuzamakungu wahariwe ubuziranenge, usanzwe uhimbazwa itariki 14 Gitugutu. Akaba yamenyesheje ko mu Burundi uwo munsi uzohimbazwa itariki 14 Munyonyo mu kigo ca BBN. Icivugo c’uno mwaka kikaba ari : « Imbono imwe ya bose kugira isi ibe nziza ».