Ubwicanyi, abantu banyuruzwa bakaburwa irengero ntivyigeze bihagarara muri uno mwaka wa mbere Evariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi. Bivugwa n’umugambwe MSD utavuga rumwe n’ubutegetsi. Epitace Nshimirimana, umuvugizi w’uwo mugambwe, akavuga ko mu bisata nka vyose vy’igihugu ibintu vyagumye bisubira inyuma. Ivyo ariko bikaba bitatangaje uwo mugambwe, kuko ata ciza wari usanzwe umwitezeko.
Amakuru
29 juin 2021