Amakuru
5 juin 2024

Ibimenyetso vy’intwaro rusangi bigenda bizimangana (Keffa Nibizi)

Bimwe mu bimenyetso vy’intwaro rusangi biracaboneka mu Burundi, ariko bikaboneka ko bishobora kuzimangana igihugu kigasubira mu ntwaro y’umugambwe umwe. Bivugwa na Keffa Nibizi, arongoye umugambwe CODEBU inyuma y’aho hahimbajwe imyaka 31 iheze umugambwe Sahwanya-FRODEBU utsinze amatora. Muri ivyo bimenyetso, Keffa Nibizi avuga ishirwaho ry’inzego biciye mu matora, imigambwe myinshi hamwe n’ibimenyeshamakuru. Ariko rero ivyo bimenyetso bishobora kuzimangana kubera ubutegetsi buhari busa n’ubuterekwa ivyo bimenyetso.