Amakuru
2 août 2023

Ibikorwa vyahagaze mu masoko amwe biturutse kw’iduzwa ry’amafaranga yo gukodesha ibibanza

Abadandaza bakorera mu masoko ya leta mu gisagara ca Bujumbura bazindutse bahagarika akazi kuri uno wa mbere. Imvo ngo ni ukugaragaza akababaro kabo gaturutse ku ngingo iheruka gufatwa n’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR yo kuduza amafaranga bariha ibibanza. Bagasaba ko iyo ngingo yohagarara. Ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu bukaba bubaremesha ko iyo ngingo izosubirwamwo.