Amakuru
2 février 2024

Ibikorwa vya SADC muri Congo bishigikira urwanko Tshisekedi afitiye Urwanda (Rukindikiza)

Mu gihe ingabo za SADC zobandanya zirungikwa mu buseruko bwa Congo, nta ho vyoba bitaniye n’ukwiyemeza gushigikira umugambi wa Tshisekedi yamenyesheje wo gusambura Kigali. Ukwo ni ko bivugwa na Gratien Rukindikiza, yahoze ari intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, akaba kandi akwirikiranira hafi ibibazo vy’umutekano mu karere k’ibiyaga binini. Abona ko inzira y’ibiganiro ari yo yonyene yotuma ikibazo co mu buseruko bwa Congo gihera ha gukoresha inguvu z’ibisirikare vyo mu bihugu bibanyi mu kurwanya umuhari M23.