Ikigo IGEBU kijejwe ibirere mu Burundi cararonkejwe ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze ibikoresho vyo gupima amazi yisuka mu ruzi Nil. Iyo mpano bayironkejwe n’ishirahamwe rijejwe ibijanye n’amazi yo mu karere aja mu ruzi Nil, Initiative du bassin du Nil. Ivyo vyuma, kimwe kikaba cashinzwe ku ruzi Ruvubu muri komine Giheta mu ntara ya Gitega, ikindi kikaba kiri mw’ishamba cimeza rya Ruvubu i Muyinga. Bikazofasha ikigo IGEBU gusuzuma amazi yisuka mu ruzi Nil uko angana hamwe n’akanovera kayo. Augustin Ngenzirabona, umuyobozi mukuru wa IGEBU, avuga ko ivyo vyuma bizonafasha kwongereza amakuru ico kigo cari gisanzwe gikenye cane.
Amakuru
20 février 2024