Amakuru
30 décembre 2023

Ibikorane vy’umuryango w’umukuru w’Igihugu nta co bimaze atari ugukenesha igihugu (UPD-Zigamibanga)

Ibikorane bitunganywa n’umuryango w’umukuru w’Igihugu nta co bimariye igihugu kuko bitabuza ubutegetsi bwiwe kwica no kwiba. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga. Abivuze mu gihe mu ntara ya Cankuzo, mu buseruko bw’Uburundi hariko habera igikorane kizomara iminsi 6. Chauvineau Mugwengezo abona ko ahubwo ivyo bikorane biza gukenesha abanyagihugu gusumba uko bari kuko bibabuza kuja ku kivi.