Amakuru
24 juin 2022

Ibijanye n’itozwa ry’amakori ntibitomoye mu nteguro izogenga amafaranga ya leta 2022-2023

Integuro y’itegeko rigenga amafaranga leta izokoresha mu mwaka w’2022 ushira uw’2023 ntigaragaza neza ko ije gushira mu ngiro imigambi ya leta yo guteza imbere igihugu, n’aho hari amafaranga yiyongereye ku yo leta yakoresheje mu mwaka uheze. Ivyo biri mu mwihwezo wa Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo (PARCEM). Agasigura ko ikibazo kikiriho ari ico gutomora neza ico leta izokwisunga mu gutoza no gukoresha ayo mafaranga yaraye yemejwe n’Inama nshingamateka y’Uburundi.