Amakuru
11 octobre 2022

Ibihugu vyo mu karere bikwiye gufata ingingo kare zo kurwanya ikiza ca Ebola

Ibihugu vyo mu karere vyategerezwa kwipanga hakiri kare kugira bishobore gukumira irandagata ry’ikiza ca Ebola camaze kwibonekeza mu Buganda kuva mu kwezi guheze kwa Nyakanga. Abahinga bo mu karere barakwiye gushira hamwe inguvu, ubuhinga n’ubumenyi kugira bagire umugambi umwe wo kurwanya ico kiza ntikigere mu bihugu kitarashikamwo. Izo ni impanuro za Come Konakuze, umuhinga mu bijanye n’amagara y’abantu. Ivyo akaba abishikirije inyuma y’aho ico kiza kimaze guhitana abantu barenga 30 mu gihugu c’Ubuganda mu kiringo c’indwi zibiri gusa.