Amakuru
27 juin 2021

Ibihugu vya Buraya bikwiye kumenya ko ugushaka gukorana na leta y’Uburundi atariwo muti w’ibibazo vyugarije abarundi

Ibihugu vya Buraya bikwiye kumenya ko ugushaka gukorana na leta y’Uburundi atariwo muti w’ibibazo vyugarije abarundi ahanini vy’umutekano n’intwaro ibereye. Ivyo bishikirizwa na Epitace Nshimirimana, umuvugizi w’umugambwe MSD. Akabivuga inyuma y’aho kuri uyu wa kane hasubiye gutangura ibiganiro hagati y’abaserukira umuryango w’ibihugu vya Buraya mu Burundi n’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu.