Amakuru
17 août 2023

Ibihugu vya Buraya bihimiriza abantu guhuza ibitsina babisangiye kandi ari vyo vyatwigishije Imana

Ibihugu vyaje kwigisha ubukirisu mu Burundi ubu ni vyo biriko bisambura amabwirizwa y’Imana. Vyagirizwa n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Yabivuze ku munsi w’Imana igenekerezo rya 13 Myandagaro, aho hari haramutswe hahimbazwa imyaka 125 ekleziya katolika ishitse mu Burundi. Evariste Ndayishimiye agasaba Abarundi kwirinda kugwa muri uwo mutego.