Amakuru
17 octobre 2022

Ibihugu bivamwo abimukira benshi bisabwa kwiteza imbere kugira bagabanye ababivamwo

Ibihugu bifise abimukira benshi baja mu bihugu biteye imbere, bisabwa kwiteza imbere kugira ababibamwo bahagarike iyo ngendo. Ni imwe mu ngingo zafashwe mu nama igira 145 y’ishirahamwe ry’amanama nshingamateka na nkenguzamateka y’ibihugu vyo kw’isi yose, inama yabaye mu ndwi iheze mu gihugu c’Urwanda. Ku bwa Cyriaque Nshimirimana, icegera ca kabiri c’uwurongoye Inama nkenguzamateka yari yaserukiye Uburundi, iyo nama yasavye kandi amaleta yose kwubahiriza ibijanye n’iterambere ridakumira mu bisata vyose.