Amakuru
3 mai 2022

Ibihe vya nyuma vy’umwami w’Uburundi n’abagendanyi biwe

Umwami Ntare wa gatanu yanyururijwe i Kampala mu Buganda mu mwaka w’1972, aza kwicirwa mu Burundi ari kumwe n’abagendanyi biwe babiri Emmanuel Biha hamwe na André batazira Ntabanya. Bivugwa na Anne Marie Ndenzako, umwishwa w’umwami Karoli Ndizeye, mu gihe imyaka 50 irumanye agandaguwe. Avuga ko kugeza n’ubu umuryango utaramenya aho bamutaye kugira bashobora kumushingurana iteka.