Amakuru
3 novembre 2022

Ibiharuro ni co cigwa ngenderwako mu bumenyi, ku bwa Libérat Ntibashirakandi

Kuvuga y’uko amashure y’ubushakashatsi na cane cane ibiharuro ata kamaro bifitiye abavyiga mu buzima, ngo ni imvugo mbi cane ku Burundi n’urwaruka. Ni umwihwezo w’umwigisha muri kaminuza Libérat Ntibashirakandi inyuma y’ivyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD. Uwo muhinga mu bijanye n’indero, aributsa y’uko ibiharuro ari vyo ibindi vyigwa bigenderako. Libérat Ntibashirakandi akaba ahamagarira nyabuna urwaruka guhurumbira kwiga amashure menshi ashoboka kuko igihugu cubakwa n’ubumenyi.